Kaze kuri Hank's High Technology sprl Dukora kugira duhinduke inyishu
« HANK’S HIGH TECHNOLOGY sprl » ni ishirahamwe rishasha ryo muburundi rijejwe gukora no gukoresha ama porogarama yo mubuhinga ngurukana bumenyi(nacanecane imikino ihagaze kumigisha, banki/E-Banks, Urudandazwa/E-Commerce,n'ibindi.). Mugihe isi nzima igenda igana mugukoresha amahera adafadika(digitalisation), kandi ibikoresho ngurukanabumenyi biguma bikwiragira cane mugihugu,kugira ntidusigare inyuma, intumbero yacu ni uguhindura ivyo bikoresho isoko idakama ivamwo ubutunzi. kugira imibereho y'ababa mugihugu ihinduke.
ICEMEZO C'AMAVUKO Y'ISHIRAHAMWE
Mugitabo ciswe " Uumugabo w'umutunzi rurangiranwa w'ibaburoni" canditswe na « Georges S. Clason » handitswe ngo: Umugabo afise umupfuko ugaragara abera umururazi umuryango wiwe ntabe acubaha n'amabwirizwa y'umwami wiwe. Ni muriyo ntumbero, « Hank’s high Technology » irondera :
- Kuronsa ababa mugihugu isoko ridakama rivamwo ubutunzi (Umupfuko wose uronke amahera, umunwa wose uronke ico ufungura) biciye mubuhinga ngurukana bumenyi ;
- Guterera mumbonakazoza 2040-2060 : nk'uko tubiri tuvurana ubupfu, tuzonezerwa intererano yacu niyafasha gushika kuriyo ntumbero;
Icivugo cacu : DUKORA KUGIRA DUHINDUKE INYISHU
Twisunze icivugo cacu, duhejeje kurangiza gutunganya porogarama yacu yambere y'urukino rw'imigisha rukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi twise Umurwiza E-Money Mushaka kumenya porogarama yacu yambere Umurwiza E-Money mufyonde Ngahacanke mushaka kumenya amabwirizwa ngenderwako mwofyondaNgaha