Hank's High Technology

1. Kwemera amasezerano

Ukoresheje ubuhinga « Umurwiza E-Money », wemera gukurikiza aya masezerano.Nimba utayemera, ntukoreshe iyi porogaramu.Aya masezerano arashobora guhindurwa kumwanya kumwanya, usabwa rere kwama ukurikirana uraba icahindutse.

2. Abemerewe Kuyikoresha

Ubuhinga « Umurwiza E-Money » igenewe abantu bafise imyaka 18 kuduga. Mugukoresha ubu buhinga, wemeza ko ufise imyaka itari munsi ya 18. Dufise uburenganzira bwo guhinyuza inyaka no gusaba ivyemezo mugihe bikenewe.

3. Kwiyandikisha no gukingira Konte

Utegerezwa kwiyandikisha kugira ushobore gukina. Mukwiyandikisha, utegerezwa gutanga amakuru y'ukuri n'ukwama uyashira kugihe mugihe bikenewe.

4. Gukingira ijambo kabanga

Ijambo ryawe kabanga niwewe utegerezwa kurikingira hamwe n’ibikorwa vyose bikorerwa kuri konti yawe. Mutegerezwa kubimenyesha « Umurwiza E-Money » mumaguru masha mugihe igihe cose habaye gukoresha konte yawe ataruhusha.

5. Gukoresha ubu buhinga

Wiyemeza gukoresha ubu buhinga muburyo bujanye n'amategeko.Inyifato nk'izi zirabujijwe:

Gukingira uburenganzira bw’umwanditsi

Ibirimwo vyose muri iyi porogarama — harimwo inyandiko, amashusho, amabendera, ibimenyetso, amafoto, ikode y’inkomoko, hamwe n’ibice bigize uburyo bwo gukoresha — ni ivya Hank’s High Technology SPRL. Ibi birimwo bikingiwe n’amategeko agenga uburenganzira bw’umwanditsi, uburenganzira bw’ikirango, hamwe n’ayandi mategeko agenga umutungo w’ubwenge. Gukoresha, gusubiramwo, canke gukwiragiza ivyo birimwo ata ruhusha birabujijwe kandi bishobora gutuma uwabikoze akurikiranwa n’amategeko.

7. Ihanahanwa ry'amafaranga

« Umurwiza E-Money », Umurwiza E-Money » ifasha mw'ihanahanwa ry'amafaranga. Nukumenya y'uko hariho ayarihwa muriryo hanahanwa uzoyamenyeshwa imbere yo kwemeza ihanahanwa.

8. Kugabanya ivyerekeye uruhara rw’amategeko

« Hank’s High Technology sprl » ntiyoshobora kubazwa ku vyerekeye ubuhombe canke ibindi vyononekaye, vyoba bizwi canke bitazwi, vyatewe n’ugukoresha nabi canke kutamenya gukoresha Umurwiza E-money. Ntitwemeza neza ko ibikorwa vyose bizokwama biboneka uko bikwiye.

9. Ihinduka ry’Amasezerano

« Hank’s High Technology sprl » nyene Umurwiza E-Money ifise uburenganzira bwo guhindura aya masezerano uko bizoba bikenewe. Ihinduka rizomenyeshwa muri porogarama kandi rizotangura gukurikizwa ako kanya. Gukoresha ubu buhinga uko vyahindutse bivuga ko wemeye ayo masezerano mashasha.

10. Résiliation

Guhagarika Konti « Hank’s High Technology sprl » nyene Umurwiza E-Money ifise uburenganzira bwo guhagarika canke gufuta konti yawe tutabikumenyesheje mu gihe tubonye ko utubahirije aya masezerano.

11.Uko wotwandikira

Ku bibazo bijanye n’aya masezerano, twandikire kuri